Uko wahagera

Abimukira 400 Bararokowe muri Nijeri


Abimukira mu bwato batwae mu bwato bw'Abanyespanye barindiriye gushika ku nkengera z'Ubutaliyano muri Mediterane, inyuma y'umusi umwe batabawe ku ruhande rwa Libiya, Itariki 7/09/2017.

Abimukira bagera ku 400 baratabawe mu ndwi iheze mu bugararwa bw’igihugu ca Niger, hafi y’igihugu ca Algeriya. Batowe ata mazi ahagije bafise nkuko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM.

Abo bimukira bari bafatiwe mu bugararwa bw’igihugu ca Niger ata mazi ahagije, ibifungurwa canke ibipapuro bibaranga bafise.

Ababatabaye n’umurwi w’abajejwe kurondera n’ugutabara abimukira bagenze ibilometero 213 mu bugararwa hagati y’igisagara gicukurirwamwo ubutare ca Arlit n’igice ca Assamaka, hafi y’urubibe n’igihugu ca Algeriya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM ntiryatangaje amazina y’abimukira. Yamara ryamenyesheje kw’abatabawe bakiwe muri kimwe mu bibanza vy’agateganyo mu gisagara ca Arlit, mu kurindira ko batahukanwa mu bihugu baje bavamwo.

Kuva mu ntango z’umwaka, ishirahamwe OIM rimaze gutabara abimukira incuro 18 ku rubibe n’igihugu ca Algeriya.

Benshi muri abo bimukira bahunze ubukene mu bihugu vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG