Uko wahagera

Abatoza Amakori n'Amatagisi Bose i Bujumbura Bahagaritswe mu Kazi


Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere bwafashe ingingo yo gukura mu mabanga y'abo abahora batoza amakori n’amatagisi yinjira mu bigega vy’amakomine agize igisagara ca Bujumbura.

Iyo ngingo yerekeye kandi amakomine 10 yo hagati mu gihugu. Ni ingingo ifaswe inyuma y’aho ubwo bushikiranganji buboneye ko amafranga arenga imiliyaridi 40 y'Amarundi ari yo yanyurujwe n’abayatoza mu kiringo c’umwaka.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere bwemeza ko bwazikenyeye mu kugarura mu kigega ca Reta ayo mafaranga yahora anyururizwa mu kwegeranya amakori n’amatagisi mu ma komine atandukanye.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko isuzumwa rya mbere ryakozwe mu kiringo c’indwi imwe ryerekanye ko amafranga arenga imiliyaridi 40 z’amafranga y’amarundi ari yo anyuruzwa ku mwaka ku mwaka.

Muri iryo suzumwa, ubwo bushikiranganji bwari bwarungitse abatozakori bashasha mu gisagara ca Bujumbura no mu makomine 10 yo hagati mu gihugu. Ubwo bushikiranganji bwaciye bufata ingingo yo guhagarika abahora batoza ayo makori.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji bujejwe umutekano arahumuriza ko umutekano w’abo bashasha uzocungerwa bikwiye. Kubw’umuhinga mu vy’ubutunzi, izo ngingo zonyene ntizihagije. Faustin Ndikumana, atwara ishirahawme PARCEM i Bujumbura, afise impungenge kubera ku bwiwe, abanyuruza ubwo butunzi bagwiriyemwo abategetsi.

Kuri uyu wa kabiri, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwakoranije abatwara intara zose, igisagaraca ca Bujumbura, n’amakomine bose mu gihugu. Intumbero y’iyo nama yabereye i Bujumbura kwari ukubaca amahani, ko boreka kunyuruza canke gukingira ikibaba abanyuruza amatungo ya Reta. Yibukije ko uwuzofatwa azobogozwa mu mabanga yiwe agakurikiranwa n’ubutungane.

Ni Bande Banyuruza Amakori n'Amatagisi i Bujumbura?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:17 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG