Uko wahagera

Inama Rukokoma y’Abategetsi ba Afrika na Buraya


Ahariko habera Inama ihuza abategetsi ba Buraya na Afurika

Kuri uno musi wa gatatu, abategetsi bo muri Afrika n’ab’ibihugu vya Buraya bahuriye muri Cote d’Ivoire kwiga ibibazo bihanze imigabane yabo. Mu vyo baganira harimwo imigenderanire yabo kubijanye n’ubutunzi, ugutanga ubuzi, uruja n’uruza rw’ingenzi, n’amahoro n’umutekano kuri iyo migabane ibiri.

Iyo nama itegekanijwe kumara imisi ibiri mugisagara ca Abidjan. Irahuza abakuru b’ibihugu 55 bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’abategetsi 28 b’ibihugu vya Buraya. Ama Leta yo kuri iyo migabane ibiri amaze igihe kitari gito ahangana n’ibibazo vy’uruja n’uruza rw’abimukira bava mu buraruko bwa Afrika bajabuka ibahari ya Mediterane. Izo ngezi akenshi zigana mu bihugu vya Buraya.

Abo bategetsi barihweza uburyo bakwiye gukemura ibibazo vy’ukwakira izo ngenzi, hamwe n’umutekano wabo mu gihe abagera ku bihumbi n’ibihumbi basiga ubuzima muri izo ngedo buri mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG