Uko wahagera

Abashingamateka b'Amerika Biteguriye Kubuza Trump Gutera Irani


Nancy Pelosi

Muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, uyu musi ku wa kane bitegekanijwe ko abashingamateka batora ingingo ibuza Perezida Donald Trump gukoresha igisirikare mu matati hagati y'Amerika na Irani.

Umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi yatangaje ko iryo tora rihava riba mw’itangazo yashize ahabona rinebagura reta ya Perezida Trump kubera igitero yakoze cishije umusirikare mukuru w’igihugu ca Irani, Qassem Soleiman, atabanje kugisha inama Congres.

Yavuze ko ico gitero c’indege yo mu bwoko bwa Drone cabaye igitero c’agasomborototso cakoresheje inguvu z’umurengera. Pelosi yavuze kandi ko ico gitero gishobora gutuma abasirikare ba reta Zunze Ubumwe z'Amerika hamwe n’abakozi baserukira reta Zunze Ubumwe za Amerikamur’iyo ntara, bageramirwa.

Icemezo gihava gifatwa n’abashingamateka gisaba Perezida Trump kureka gukoresha abasirikare mu gutera igihugu ca Irani, kiretse Kongre ya Amerika itanze uburenganzira, hamwe no mu gihe conyene, inguvu za girikare zikenewe kugira ngo Amerika ituz, kandi yivune abashaka kuyitera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG