Uko wahagera

Abanywanyi b’umugambwe FNL barekuwe


Agathon Rwasa avugana n'umuyoboke wiwe
Agathon Rwasa avugana n'umuyoboke wiwe

Abanywanyi b’umugambwe FNL ishami rya Rwasa bari bamaze indwi 2 bafungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri komine Busoni baraye barekuwe.

Bose uko ari 16 bari mu ndongozi z’uwo mugambwe, muri harimwo uwurongoye FNL ishami rya Rwasa mu karere ka Bweru-Buyogoma kagizwe n’intara za Muyinga, Kirundo na Cankuzo hamwe na Oscar Nizigiyimana aserukira uwo mugambwe mu ntara ya Kirundo.

Bamaze kurekurwa, Remy Sindayigaya yabwiye ijwi ry’Amerika ko banezerejwe nuko barekuwe,kurundi ruhande akavuga ko bakibabazwa n’uburyo bahagaritswe.

Umushikirizamanza mukuru wa parike ya Kirundo avugako amategeko yakurikijwe mukubahagarika no mugutohoza,agasaba uwumvako yoba yararenganijwe kwitura ubutungane.

Uwo mushikirizamanza yavuze ko gushika ubu barekuwe kandi ko ataco ubutungane bwabasavye kubandanya bakurikiza mu mwidegemvyo wabo

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:39 0:00

XS
SM
MD
LG