Abarwanyi bagera kuri 50 baguye mu ngwano ibandanya kubera mu ntara ya Marib iherereye ku birometero 120 uvuye ku murwa mukuru wa Yemeni.
Igisirikare ca Yemeni kivuga ko muri 50 batangajwe ko baguye muri iyo ngwano imaze amasaha 48, harimwo abarwanya Reta ya Yemeni 43 n’abashigikiye Reta y’ico gihugu 7. Muri uko kwezi kw’icenda, abarwanyi bagera ku 400 bo kuri izo mpande 2 baramaze kurwa mu ngwano zibandanya kubahuza.
Marib ni yo ntara yo mu buraruko bwa Yemeni ikiri mu minwe ya Reta. Abarwanyi bo mu bwoko bw’aba, Houthi, bashigikiwe na Irani bamaze amezi atari make bagerageza kuyigarurira.
Facebook Forum