Uko wahagera

Abarwanyi ba Boko Haram Bishe Abasirikare 16 ba Nijeri


Bamwe mu basirikare ba Nijeri
Bamwe mu basirikare ba Nijeri

Abarwanyi amajana n’amajana b'umurwi Boko Haram bishe abasirikare 16 mu bumanuko bw'igihugu ca Nijeri. Ni mu gitero bakoze ku kirindiro c’igisirikare kiri mu ntara ya Diffa mw’ijoro ryashiriye uno musi kuwa gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko uretse abasirikare 16 bahasize ubuzima, abandi 9 bakomeretse. Mw’intagazo bwakoze, ubwo bushikiranganji bwongeyeko ko abarwanyi bagera kuri 50 bishwe mu gutana mu mitwe kwakwirikiye, mu gihe ibirwanisho bitari bike vyafashwe.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2020, igitero cagirijwe Boko Haram cahitanye abantu 28, amazu 800 araturirwa mu ntara ya Diffa. Umugumuko w’umurwi Boko Haram wadutse mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya mu mwaka w’i 2009. Yamara ubwicanyi kenshi bwaratandukiye ibihugu bibanyi vya Cadi, Nijeri na Kameruni mu karere k’ikiyaga Cadi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG