Uko wahagera

Canada: Abarundi Barahimbaje Intambwe Bamaze Gushikako


Patrice Nzigamasabo
Patrice Nzigamasabo

Haraheze imyaka irenga 20 abarundi batanguye gushika mu gihugu ca Canada, bakahacumbika. Kuva bashitse mur’ico gihugu kiri mu bihugu vya mbere vyakira abanyamahanga, abarundi ntibashitse barera amaboko.

Alain Bagirakandi na Patrice Nzigamasabo, bari mu barundi bashitse mur’ico gihugu bagaca batangura kumenyera imico n’ubuzima bwo mur’ico gihugu cahavuye gihinduka igihugu cabo kigira kabiri.

Abo bashingantahe uko ari babiri, bari mu bantunganijeigiteramo gikomeye c’abarundi bamaze imyaka itari mike mu gihugu ca Canada. Mur’ico giteramo, barashimagije ukuntu benshi mu Barundi bashitse mur’icao gihugu, bashoboye kwiteza imbere bagakarisha ubwenge kandi bagashobora no gukora mu bisata bitandukanye.

Abo bashingantahe kandi baraha impanuro abarundi bose, eka n’abandi banyagihugu bose bimukira mu gihugu ca Canada, haba ku bijanye n’akazi, imico, ubuzima hamwe n’intambamyi zose bashobora guhura nazo:

Alain Bagirakandi hamwe na Patric Nzigamasabo, barahaye ikiganiro Ijwi rya Amerika:

Mushobora kwumviriza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:26:44 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG