Uko wahagera

Abanyetiyopiya Bananiwe n'Ubuzima muri Yemeni Basubiye Iwabo


Ishusho ngereranyo y'abimukira baturuka muri Etiyopiya
Ishusho ngereranyo y'abimukira baturuka muri Etiyopiya

Bamwe mu bakomoka muri Etiyopiya bariko baratahuka mu gihugu cabo inyuma y'aho baboneye ubuzima bwabo muri Yemeni bubaye amananiza. Igihe umwimukira Jamal Hussein yurira indege y’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yamutahukana mu gihugu ciwe imukuye muri Yemen ku musi wa kabiri, yari azi ko izomushikana mu gihugu gitunze ca Arabiya Sawudite, aho yari kubaho neza kurushiriza. Yari amaze igihe kitari gito ari mu gihugu ca Yemeni casinzikajwe n’ingwano.

Jamal Hussein avuga ko yipfuza kuja muri Arabiya Sawudite kurondera akazi. Ngo ni co gituma yaje ubwa mbere muri Yemeni. Avuga ko ahashitse yasanze hari ingwano atari azi. Abandi bimukira batari bake nabo nyene bafashe ingingo yo gusubira mu gihugu cabibarutse.

Icizere cabo co kubaho neza kurushiriza carageramiwe n’ingingo zafashwe zo kurwanya ikiza ca Covid-19 hamwe n’izijanye n’umutekano. Ivyo vyatumye benshi muri bo bafatirwa mu gihugu ca Yemeni aho abantu imiliyoni n’imiliyoni bahasanzwe bageramiwe n’inzara.

Abimukira batari bake barasomye nturi mu ndwi zirangiye inyuma y’uko ubwato barimwo bukoreshwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi zitangisha abantu amafranga mu kubemerera kubashikana iyo bashaka kuja, buzamye mu gihe bwariko butera buja mw’ihembe rya Afrika.

Muri iki gihe, ishirahamwe ONU ririko rikoresha indege kugira abimukira bashike mu gihugu cabo mu mahoro. Abimukira barenga 32,000, benshi muri bo abanya Etiyopiya, baracafatiwe muri Yemeni aho bamerewe nabi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG