Kuri uyu wa kabiri, abanyepolitike b'Abarundi bari mu biganiro i Arusha muri Tanzaniya batevye barahurira mu nama ya bose. Iyo nama ntiyamaze n'isaha imwe. Umuhuza yababwiye ko bokwibagira ibibatandukanya bagashira imbere inyungu z'igihugu kugira ku munsi wa gatanu bazobe bashitse ku masezerano yo kugarukana amahoro.
Facebook Forum