Uko wahagera

Abanyasudani Babandanya Kwiyamiriza Itembagazwa ry'Ubutegetsi


Abakora imyiyerekano i Khartoum

Abanyasudani barabandanya kwiyamiriza kudeta hamwe n’amasezerano yasubije umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok, mu mabanga yiwe. Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara ku murwa mukuru Kartoum no mu bindi bisagara uyu musi ku wa mbere.

Gushika ubu, nta makuru y’ubwicanyi n’ubugizi bwa nabi arashikirizwa muri iyo myiyerekano y’uyu musi. Yamara mu misi iheze, abajejwe umutekano barishe abantu 44, bongera bakomeretsa abandi amajana n’amajana bari mu myiyerekano.

Imyiyerekano y’uyu musi yatunganijwe n’ishirahamwe ry’abanyakazi hamwe n’imirwi yagize uruhara rukomeye mu kwiyamiriza ubutegetsi bwa Omar al-Bashir yatwaza igitugu n’ubutegetsi bwe bwa Kiyisilamu.

Abari mu myiyerekano basaba gusubiza ubutegetsi mu minwe y’abasivile, gukura abategetsi bayoboka Omar al-Bashir hamwe no kwaka ibirwanisho imirwi ivyitwaje irimwo iyitwara gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG