Uko wahagera

Abanyamerika Bahagaritse Ingwano Muri Iraki


Abanyamerika Bahagaritse Ingwano Muri Iraki
Abanyamerika Bahagaritse Ingwano Muri Iraki

Abasirikare ba Amerika baraye bakoze ibirori vyo guhagarika icese ingwano yarimaze hafi imyaka icenda mu gihugu ca Iraki.

Mur’ iyo ngwano, ibihugu vya reta zunz’ ubumwe za Amerika na Iraki vyarabuze abantu benshi cane rwose, kandi vyakoresheje n’ amafaranga menshi cane.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Leon Panetta, mw’ ijambo yashikirije mur’ ivyo birori vyabereye ku kibuga c’ indege c’ I Baghdad, yavuze ko abantu basize ubuzima mur’ iyo ngwano batapfiriye ubusa, ko abo bantu aribo batumye havuka igihugu ca Iraki gishasha kirimwo ubwigenge.

Kubera mu gihugu ca Iraki ubu kirimwo umutekano ugicumbagira kandi kigokogwamwo ubwicanyi, har’ abantu bibaza niba abasirikare ba Amerika bavuye muri Iraki babona ko bavuyeyo batsinze iyo ngwano vy’ ukuri.

XS
SM
MD
LG