Uko wahagera

Abanyamategeko Bariyamiriza Ivyubahiro Bisabirwa Nkurunziza


Isidore Rufykiri
Isidore Rufykiri

Abashikiranganji mu Burundi uno munsi bize integuro y'itegeko yatanzwe n'ubushikiranganji bw'ubutungane busaba ko Perezida Pierre Nkurunziza yoba "Imboneza Nkuru mu Kuzirikana Igihugu", Guide du Patriotisme.

Ni inyuma yaho kuri uno wa kabiri inama nshingamateka y'Uburundi yemereje itegeko rivuga ko ni yo Nkurunziza yava ku butegetsi, azotekererwa umuliyaridi w'amafaranga y'amarundi, akubakirwa inzu nziza "Palais" muri karitiye yipfuza.

Mu ba perezida bose bayoboye Uburundi, Nkurunziza n'umuryango wa Melchior Ndadaye ni bo bazohabwa ubwo burusho. Me Isidore Rufykiri yigeze kuba umukuru w’abashingwamanza mu Burundi asigura ko kwita Perezida Nkurunziza "Imboneza Nkuru mu Kuzirikana Igihugu" binyuranye n'amategeko.

Me Rufyikiri avuga kandi ko ukuba uburusho ku bahoze ari abakuru b'ibihugu buzohabwa Nkurunziza n'umuryango wa Ndadaye gusa bidasiguritse. Mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, Me Rufyikiri yasiguye ko abaperezida bose baramukijwe Uburundi bashikanywe ku butegetsi n'inzego zibifitiye ububasha, zaba za gisirikare canke izindi zemewe n'amategeko.

Rufyikiri Yigeze Gutwara Abashingwamanza mu Burundi Avuga ko Ikibanza Nkurunziza Asabirwa Kinyuranye n'Amategeko
please wait

No media source currently available

0:00 0:10:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG