Abanya Lesotho baragiye mu matora ejo ku musi wa gatandatu aho bishoboka kw’atawuzoronka intsinzi iboneka mu bahiganwa.
Imigambwe irenga cumi n’’itanu n’aba candidats bigenga batari bake bariko barondera gusubirira umushikiranganji wa mbere, Pakalitha Mosisili.
Mosisili yavuye mu mugambwe uri ku butegetsi kugira ahiganwe nk’umuyobozi w’umugambwe, Democratic Congress, yashizeho mu ntango z’uyu mwaka.
Uwo bahiganwa bikomeye ni Mothejoa Metsing, avugwako yayoboye abafashe umugambi w’ugukura umushikiranganji wa mbere mu mabanga y’ukuyobora umugambwe uri ku butegetsi, Lesotho Congress for Democracy.
Uwundi ahiganwa n’umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta, Tom Thabane wo mu mugambwe All Basotho CoNVENTION.
Hari ubwoba ko ukuba bishoboka kw’ata numwe mu bahiganwa azoronka intsinzi uboneka bishobora gutuma haba uruhagarara nkuko vyagenze mu mwaka w’1998, igihe igihugu ca Afrika y’epfo carungika inteko guhagarika uruhagarara rwabaye muri Lesotho inyuma y’amatora yo muri uyo mwaka.