Uko wahagera

Abanyafurika Bakomeje Kugana Ubulaya Baciye mu Nzira Zitemewe


Ibiro vya ONU bijejwe ingenzi kw’isi bitangaza ko abajejwe umutekano w’inzuzi muri Libiya baraye bafashe ubwato burimwo abantu 83 bagana mu bihugu vya Buraya mu buryo butemewe n’amategeko.

ONU ivuga ko izo ngenzi zariko zigerageza kuja mu bihugu vya Buraya ziciye mu nzuzi za Libiya zitoroshe cane kujabuka, zafashwe zica zitwarwa mw’ibohero riri mu burengero bw’igihugu.

Safa Mselhi, umuvugizi w’ibiro vya ONU bijejwe ingenzi kw’isi yavuze ko izo ngenzi zari zigizwe ahanini n’abanyesudani kimwe n’abakomoka muri Eritereya. Abo n’abo bafashwe mw'ijoro ryakeye aho bari baraye bahagaze mu kigwati ca Mediterane i Garabouli baca batwarwa mu kigo c’ibohero rya Souq al-Khamis mu kigwati ca Khoms. Ni ku birometero 120 uvuye k’umurwa mukuru i Tripoli.

Uwo muvugizi, Mselhi, avuga ko iryo hagarikwa ry’ingendo zitemewe n’amategeko ryashikanye igitigiri c’abantu bamaze gufatwa bagasubizwa muri Libiya muri uyu mwaka, kubantu ibihumbi bitandatu barenga.

Mu ntango z’uyu mwaka ibiro vya ONU bijejwe ingenzi kw’isi vyatangaje ko kuva mu mwaka wa 2014, abantu bamaze guhitanwa n’izo ngendo zo mu nzuzi barenga ibihumbi 20.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG