Uko wahagera

Abantu 4 mu Bashaka Kwiyonkora Kuri Kameruni Baciriwe Urwo Gupfa


Igisirikare cya Kameruni cyerekana intwaro cyambuye abaharanira intara yigenga
Igisirikare cya Kameruni cyerekana intwaro cyambuye abaharanira intara yigenga

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi uno musi ku wa gatanu bwatangaje ko abo bantu 4 bava mu ntara zirimwo umutekano muke zivuga ururimi rw’Icongereza zo muri Kameruni baciriwe ico gihano kubera bagirijwe ko bishe abana b’abanyeshule indwi.

Sentare ya gisirikare ku musi wa kabiri yabaciriye igihano c’ukwicwa barashwe abanyagihugu barorera. Bagiwe n’ivyaha vy’iterabwoba, kurwanya reta, kugumuka n’ubwicanyi.

Abo bana, bari bafise imyaka iri hagati ya 9 na 12, bishwe mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze w’i 2020 igihe abantu bitwaje ibirwanisho barasa kw’ishule bigako ahitwa Kumba mu ntara yo mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Ni imwe mu ntara 2 zo mu burengero bw’igihugu zirimwo umugumuko w’abashaka kwiyonkora ku gihugu umaze igihe kirekire. Abantu barenga 3500 barishwe, abandi barenga 700000 barava mu zabo.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko amabi yakozwe n’impande zose haba abashaka kwiyonkora ku gihugu canke inteko za reta.

Abashaka kwiyonkora ku gihugu batari bake baraciriwe igihano c’ugupfa mu myaka irangiye, naho ata muntu numwe aricwa bifatiye kuri ico gihano mu kiringo kirenga imyaka 20.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG