Uko wahagera

Abantu 11 Bishwe n'Ibisasu Isirayeli Yarashe muri Siriya


Abantu 11 bishwe mu bitero vy'indege z'ingwano bivurwa ko vyakozwe n'igihugu ca Isirayeli muri Siriya.

Abo bantu bavurwa ko bishwe mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu mu bitero vy’indege z’ingwano za Israyeli bivurwa ko vyakozwe mu ntara ya Homs iri hagati mu gihugu.

Nivyo bitero vya mbere muri Siriya vyitiriwe Israyeli mu kiringo kirenga ukwezi.

Kubw’ishirahamwe rikurikirana ivyerekeye agateka ka muntu muri Siriya rifise icicaro i Londres mu Bwongereza, inteko za reta n’abarwanyi bishwe mu ntara ya Homes.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe, Rami Abdul Rahman yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufaransa, AFP, ko abasirikare ba reta 7 n’abarwanyi bashigikiye reta 4 bishwe mu bitero vy’indege z’ingwano vyabaye gatoyi imbere y’isaha zitandatu zo mw’ijoro. Amenyesha ko abapfuye bose ari Abanyasiriya.

Amakuru atangwa n’igisirikare ca reta ya Siriya amenyesha ko ubuhinga bw’ukwivuna umwansi bwaco bwashoboye gukorora bimwe mu bisasu byo mu bwoko bwa misile zarashwe na Israyeli inyuma y’isaha zitanu n’igice zo mw’ijoro, mu gihe ibindi bisasu byo muri ubwo bwoko vyononye ibintu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG