Uko wahagera

Abanduye Virusi ya Corona kw'Isi Yose Barenze Imiliyoni 40


Ifoto y'umunyagihugu apimwa Corona mu Bushinwa
Ifoto y'umunyagihugu apimwa Corona mu Bushinwa

Mu banduye bashasha harimwo Saeb Erekat ajejwe ivy’imishikirano muri Palestina akaba n’umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kubohoza abanyepalestina, OLP, mu mfunyafunyo. Mu bandi bazwi batoweko ubwandu, harimwo umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afurika y’Epfo, Zweli Mkhize.

Ibitigiri vyatanzwe na kaminuzaya Johns Hopkins ikurikirana ku munsi ku munsi ivy’uwo mugera ikanabikorako ubushakashatsi, vyerekana ko kw’isi yose abafise ubwandu ari imiliyoni mirongo ine, ibihumbi mirongo itanu n’amajana icenda na babiri.

Iyo kaminuza iri I Washington aha muri Amerika ivuga ko abapfuye barenze umuliyoni umwe n’ibihumbi ijana. Mu banduye bashasha harimwo Saeb Erekat ajejwe ivy’imishikirano muri Palestina akaba n’umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kubohoza abanyepalestina, OLP, mu mfunyafunyo. Mu bandi bazwi batoweko ubwandu, harimwo umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afurika y’Epfo, Zweli Mkhize.

Hagati aho, muri Irani ibitigiri vy’abahitanywe na COVID-19 vyiyongereye cane: Mw’ijoro rimwe abaraye bamenyekanye ko bapfuye ni 337. Ku mugabane w’Amerika, mu gihe Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zikomeje gufata iya mbere mu bihugu bifise ubwandu bwinshi, aho abanduye barenze imiliyoni umunani, abahitanywe na k’ino kiza bakaba bababa ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri, sosiyete ,Vaxart, iri mu ziriko zigerageza gutora urucanco rwa COVID-19 iriko ikorwako amatohoza ajanye n’imikorere yayo.

Ku mugabane wa Buraya, ibitigiri vy'ubwandu vyaduze vyatumye ibisagara bimwe bimwe vy'Ubutariyano, Ubufaransa n’Ubwongereza bisubizaho ingingo zitandukanye zo gukinga umugera wa Corona zari zarahagaristwe.

Muri Autraliya ho ibitigiri vyaganutse cane ku buryo ku ncuro ya mbere mu mezi atatu bari bamaze mu mabwiriza yo kuguma mu ngo zabo, abanyagihugu bo mu bisagara nka Melboune baza kongera kwidegemvya ariko badashize inyuma ubufukamunwa bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG