Uko wahagera

Abandura Covid-19 ku Mugabane wa Afurika Babandanya Kwiyongera


Bamwe mu bagwaye Covid-19 muri Afurika y'Epfo
Bamwe mu bagwaye Covid-19 muri Afurika y'Epfo

Ibitigiri vy'abandura umugera wa Covid-19 biriko biriyongera bikomeye ku mugabane wa Afrika, mu gihe abantu bari musi ya 0.8 kw'ijana ari bo bamaze kuronka incandago zose.

Ibitigiri vy’abandura ikiza ca Covid-19 vyiyongeye ibirenga ibice 20 kw’ijana mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika mu gihe intambwe mu gikorwa c’ugucandaga abanyafrika kiriko kirikwega, nkuko bitangazwa n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu.

Umuyobozi w’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ku mugabane wa Afrika, Matshidiso Moeti, avuga ko uwo mugabane ugeramiwe muri iki gihe n’incuro ya gatatu y’ibitigiri vyinshi cane vy’abantu bandura umugera wa Covid-19.

Avuga ko ukugene ikiza ca Covid-19 gishobora gusubira kwandukira abantu benshi cane mu mwanya mutoyi nkuko biheruka kwibonekeza mu gihugu c’Ubuhindi n’ahandi.

Moeti avuga ko ibitigiri bishasha vy’abantu bandura umugera wa Covid-19 byiyongeye hafi y’ibice 30 kw’ijana mu ndwi irangiye mu gihe abahitanywe n’uwo mugera biyongeye ibice 15 kw’ijana mu bihugu bitanu vyo muri Afrika. Navyo ari Afrika y’epfo, Tuniziya, Zambiya, Uganda na Namibiya.

Amenyesha ko akarere ka Afrika katarahangana n’ibiherutse gushikira Ubuhindi ku bijanye n’ikiza ca Covid-19, yamara we n’abandi bategetsi baragabisha ko ivyo ari ibintu bishobora gushika.

Umuyobozi w’urwego rujejwe kurwanya n’ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, John Nkengasong yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa kane ko igikorwa c’ugucandaga abanyagihugu muri Afrika kiriko kirikwega muri rusangi, mu gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 biriko vyiyongera cane mu buryo bwihuta mu bihugu bitari bike.

Ibihugu 4 vyo muri Afrika ntibiratangura gucandaga abanyagihugu bavyo. Yamara ishirahamwe OMS, rivuga ko igihugu ca Tanzaniya gifise imigambi y’ukuja mu mugambi wa COVAX ujejwe kuronsa incandago ibihugu bikenye kurusha ibindi vyo kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG