Uko wahagera

Abana ba Perezida Sassou Nguesso Bagirizwa Kunyuruza Imitungo


Denis Christel Sassou Nguesso umuhungu wa Perezida Denis Sassou Nguesso.
Denis Christel Sassou Nguesso umuhungu wa Perezida Denis Sassou Nguesso.

Amashirahamwe adakiranira inyungu za politike muri Congo Brazzaville yasavye ko abashingamateka Denis Christel Sassou Nguesso na Claudia Sassou Nguesso bakwa ubudahangarwa bafise bagakurikiranwa ku vyaha vyo kunyuruza amatungo ya Reta begegwako.

Ayo mashirahamwe avuga ko afise ivyemezo sindamusiga vyerekana imitungo yose yanyurujwe n’abo bana ba Perezida Denis Sassou Nguesso. Ayo mashirahamwe yagiriza Reta kurenza ko uruhu ukuri kandi ikuzi.

Igenekerezo rya 6 k’uno kwezi kwa munani ishirahamwe mpuzamakungu Global Witness rifise icicaro mu Bwongereza ryasohoye icegeranyo cemeza ko Denis Christel Sassou Nguesso, mu 2014 yanyuruje amafaranga agera ku miliyoni ibihumbi 50 vy’amadorali.

Iryo shirahamwe ryemeza muri ico cegeranyo ko ku ruhande rwaClaudia Sassou Nguesso, amafaranga yanyuruje aharurwa mu miliyoni 20 z’amadorali .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG