Umuntu yitwaje ikigwanisho yakoze igitero kw'ishule riri mu gisagara ca Kazan mu gihugu c'Uburusiya mu gitondo c'uno musi ku wa kabiri. Yishe abana 7 n'umwigisha umwe imbere y’uko ahagarikwa.
Abandi bantu 27 bajanywe mu bitaro, harimwo abana 18, 6 muri bo baremvye bikomeye. Amasanamu yashikirijwe n’amateleviziyo yo mu Burusiya yerekanye abana bariko bahunga inyubakwa bigiramwo. Rusehabaniha zitari nke zatonze ku rwinjiriro ry’inyubakwa z’ishule inyuma y’ico gitero, mu gihe igipolisi cazibiye amayira yose arijaho.
Itangazamakuru ry’Uburusiya rimenyesha ko mu gihe bamwe mu banyeshule bashoboye guhunga, abandi bafatiwe imbere mu nyubakwa igihe ico gitero caba. Abanyeshule bose barokotse bashoboye kuvurirwa mu bitaro biri hafi yaho, ari naho imiryango yabo yaje kubakirira.
Abategetsi bamenyesheje ko uwakoze ico gitero, afise imyaka 19 yahagaritswe, igipolisi kikaba cuguruye itohoza ku vyabaye. Bamenyesha ko izindi ngingo zerekeye umutekano zaciye zifatwa buno nyene mu mashule yose yo mu gisagara ca Kazan. Iki gisagara kiri ku bikometero 700 mu buseruko bw’umurwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.
Abategetsi ba repubulika ya Tatarstan, ifite umurwa mukuru Kazan, batangaje kandi umusi w’icunamo ejo ku wa gatatu mu ntumbero yo kwibuka abahitanywe n’ico gitero.
Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yifatanije n’imiryango y’abahitanywe n’igitero c’uno musi ku wa kabiri. Yategetse reta kubafasha mu buryo bwose bukenewe
Facebook Forum