Uko wahagera

Abakozi 1400 ba SOGESTAL Bituye Ubutungane bw'Uburundi


Abakozi barenga 1400 bahora bakorera amatonorero y’ikawa mu Ntara za Kirundo na Muyinga (SOGESTAL Kirundo-Muyinga) basaba ko boronswa amafranga arenga imiliyoni 520 y’imishahara y’amezi 15 baheraniwe.

Bose hamwe abakozi bahora bakorera amatonorero y’ikawa mu ntara za Kirundo na Muyinga barenga gato 1400. Muri abo, harimwo 99 bari bafise amasezerano y’abakozi ahoraho, hamwe n’abandi bakenerwa igihe ikawa yeze.

Mu ntango z’uyu mwaka, reta ibicishije ku mushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yakuye mu minwe y’abikorera uwabo igisata c’ikawa, gutyo abakozi bahora bakorera amatonorero y’ikawa ya SOGESTAL Kirundo-Muyinga barahagarikwa mu kazi.

Bamwe muri abo bakozi babwiye Ijwi ry’Amerika ko n’ubundi bari bamaze umwaka wose badahembwa. Abo bishuza amezi 15 batahembwe, bemeza ko imiryango yabo ibayeho nabi.

Sendika y’abo bakozi ivuga ko yagerageje kuvugana n’abegwa n’ico kibazo ariko bakabura nyishu ibahumuriza. Jean Bosco Hahererimana, atwara iyo sendika yatwiganiye ko mu bategetsi bituye harimwo umuhuza w’Abarundi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’umushikiranganji wa mbere.

Ijwi rya Amerika ryamenye ko abandi baheraniwe amafranga menshi kubera SOGESTAL Kirundo-Muyinga yugaye ari abahora batanga ibikoresho muri iryo hinguriro nk’igitoro, imodokari, imashini zo gutonora ikawa n’ibindi bikoresho vyo gusubiriza ibisahaje. Umwe muri bo yemeje ko abo baheraniwe imiliyoni zirenga 120 y’amarundi.

Umuyobozi wa SOGESTAL Kirundo-Muyinga aremera ko kubona iryo shinguri ryarugawe, habaye agahombo kanini bigatuma abakozi ari bo bagira ignorane nyinshi.

Victor Nkunzimana yatwemereye ko amafranga abakozi bavuga ko bishuza ari ay’ukuri. Ku bwiwe, ahubwo azohava anarenga kubera agarico k’ifaranga kaguna gahinduka uko imyaka ihera.

Victor Nkunzimana amenyesha ko n’imbere y’uko abakozi bakurwa mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, hari haheze umwaka wose w’2019 badahembwa bitumye n’uko iryo hinguriro ryari rifise ingorane z’ubutunzi. Yizeza abo bakozi ko bokwihangana, ko ubutungane buzobatunganiriza.

Igihe, reta yafata iyo ngingo, amatonorero 17 ari mu nta za Kirundo na Muyinga yahawe ikigo ca reta citwa ODECA “Office du Développement du Café”, cegukira reta. Cashizweho kugira gitunganye neza igisata c’ikawa mu gihugu cose. Ico kigo caje gusubirira ayandi mashirahamwe yose yari amaze imyaka irenga 20 atunganya atunganya ico gisata c’ikawa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG