Uko wahagera

Abahitanywe na COVID19 muri Amerika Barenze Ibihumbi Ijana


Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika abantu bamaze guhitanwa n’umugera wa Corona barenze ibihumbi ijana. Ni mu gihe muri Amerika y’ubumanuko ibitigiri vy’abandura ku munsi ku munsi barenze ivyahitiye ku mugabane wa Bulaya no muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ivyo bivugwa kandi mu gihe kw’isi yose abamaze kwandura uwo mugera bariko barababa imiliyoni 5.7 hamwe n’abarenga 354 000 umaze guhitana. Abapfa muri Brezil bahitanwe na COVID 19 bashitse ku 25 000 ku munsi wa gatatu.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika abo umaze guhitana barenze ibihumbi ijana naho abategetsi mu mareta atandukanye bariko barafata ingingo zisubiza abanyagihugu ku mirimo kugira barwanire ubutunzi bwasubiye inyuma.

Abahinga mu gisata c’amagara y’abantu muri Amerika basaba ko amareta yoguma arikanuye kuko uwo mugera ushobora kwongera kwandukira benshi mu gihe abanyagihugu bokwijajara.

Kaminuza ya Johns Hopkins y’aha muri Amerika itangaza ko Abanyamerika bababa umuliyoni 1.7 bamaze kumenyekana ko banduye COVID 19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG