Uko wahagera

Abahitanywe n'Igihuhusi mu Bihugu Bimwe Bimwe vya Buraya Barenze 180


Imwe mu nzu yasenyutse mu Budagi
Imwe mu nzu yasenyutse mu Budagi

Abahitanywe n’imvura ivanze n’imiyaga myinshi yaguye mu mpera z’ino ndwi mu bihugu bimwe bimwe vyo mu burengereo bw’umugabane wa Buraya baja barenze 180. Ibitigiri bishasha vyatangajwe n’abakirondera aboba barabomokeweko n’ibihome.

Polisi yo mu Budagi ahavugwa benshi bahitanywe n’ico gihuhusi ivuga ko ico gihugu cabuze abarenga 150, Ububirigi nabwo bukemeza ko ku ruhande rwabwo barenze 25. Ejo ku wa gatandatu, Prezida w’Ubudagi mu rugendo yakoreye mu karere kitwa Schuld kari mu twasinzikaye kurusha utundi mu Budagi, yavuze ko abakeneye gufashwa ari benshi cane kandi ubwo bufasha bazobukenera mu kiringo kirekire.

Umushikiranganji w’ubutunzi muri ico gihugu, Olaf Scholz , vyitezwe ko kuwa gatatu w'indwi iza asaba Reta kurekura vyihuta amafaranga yo gufasha abanyagihugu agera ku miriyoni 354 z’ama euro. Yabwiye kandi ibimenyeshamakuru bikorera muri ico gihugu ko Reta itegerezwa kwiyumvira gutangura gusanura inyubako zirimwo amabarabara n’ibitarurwa vyasenyutse. Afatiye ku vyononekaye, yemeza ko ari umugambi ushobora gutwara amamiriyari n’amamiriyari y’amafarnga akoreshwa I Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG