Uko wahagera

Abarenga 100 Bahitanywe n'Imvura y'Imyuzure mu Budagi


Hamwe mu haguye iyo mvura y'imyuzure
Hamwe mu haguye iyo mvura y'imyuzure

Abantu n’imiburiburi 100 bahitanywe n'imvura y'isegenya mu Budagi. Abategetsi bo mu burengero bw’Ubudagi batangaje ivyo bitigiri bavuga ko abataratorerwa irengero bagera ku 1300.

Ibiro bijejwe ivy’ibirere muri ico gihugu vyabwiye tereviziyo yo muri Amerika CNN ko hari haheze imyaka igera kw’ijana hatarwa imvura ivanze n’imiyaga nk’iyaraye iguye mu bice bimwe bimwe vy’Ubudagi.

Ibikorwa vyo gutabara mu micungararo yasinzikaye vyagoranye bivuye ku materefone na interneti vyari vyacitse. Imyuzure yatumye kandi hari uburyo bwo kwiyunguruza buhagarara.

Amasanamu yafashwe n’indege yerekanye amazu atari make yarengewe n’imyuzure co kimwe n’amabarabara n’ibitarurwa. Polisi yo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubudagi naho itatanze ibitigiri yavuze ko hari amazu atari make yabomaguritse n’ayandi menshi ashobobora kubomoka. Amabarabara yo muri ico gice nayo nyene ameze nabi nkuko polisi ibandanya ibivuga.

Chanseriyeri w’Ubudagi Angela Merkel mw’itangazo yasohoye ari muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu rugendo rw’akazi, yavuze ko ababajwe n’abahitanywe n’ico gihuhusi yongera ahoza imiryango y’abuze, yihanganisha n’iy’abakirondererwa irengero. Ahandi haraye haguye imvura ivanze n’imiyaga myinshi ni mu Bubirigi, muri Luxembourg, Ubufaransa no mu Buholande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG