Uko wahagera

Abagera kuri 46 Baranduye Cholera mu Burundi


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bwatangaje kuri uno wa gatanu ko abantu 46 ari bo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Cholera kuva kw’igenekerezo rya 25 uku kwezi kwa 12.

Umushikiranganji araba ivy’amagara y’abantu mu Burundi, Muganga Thadée Ndikumana, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yavuze ko 45 mu banduye ari abo mu ntara ya Rumonge, uwundi umwe nawe ari uwo muri Zone Buterere iherereye mu ntara ya Bujumbura.

Ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu Burundi bwasiguye ko iyo Cholera yatewe ahanini n’imvura nyinshi imaze iminsi irwa mu turere ivurwamwo, ikuzuza utuzu twa surwumwe, urusazi rukaduma, isuku rike ry’abanyagihugu naryo rigaca risongera isibe.

Muganga Ndikumana yahumurije avuga ko hari ingingo zafashwe mu ntumebero yo gutuza ico kiza. Muri izo ngingo harimwo ugupompa imihana no guhimiriza abanyagihugu kwubahiriza amabwirizwa cumi y’isuku

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG