Uko wahagera

Abagera ku Miliyoni Zitanu Baranduye Malariya mu Burundi


Umwe mu baganga aha umuti uwari arwaye Malariya

Igisata ca ONU citaho abari mu ngorane n'ibiza OCHA kivuga ko mu Burundi hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwa gatandatu uyu mwaka abantu imiliyoni 5 bagwaye Malariya.

Mu cegerenyo ico gisata giheruka gushira ahabona gisigura ko ivyo bitigiri vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bivanywe mu turere tw’ubuvuzi dutandukanye.

OCHA yemeza ko ivyo bitigiri vyaduze ku bice 97% ugereranije no mu mwaka uheze. Ico gisata ca ONU kivuga ko impamvu nyamukuru yateye iyo malariya ari ihindagurika ry’ibihe no gufungura nabi.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu minsi yaheze bwavuze ko bwafashe mu minwe ico kibazo buca burondera abaganga biyongera ku bahasanzwe.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Imiliyoni Zitanu Zaranduye Malariya mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:09 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG