Uko wahagera

Abagera ku 17 Baguye mu Mpanuka y'Indege ya Gisirikare muri Filipine


Ibisigarira vy'indege yagize isanganya
Ibisigarira vy'indege yagize isanganya

Abantu bagera kuri 17 bahitanywe n’insanganya y’indege ya gisirikare yegukira igihugu ca Filipine. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri ico gihugu, Delfin Lorenzana yatangaje ko abakomerekeye muri iyo ndege yari igwiriyemwo abasirikare ari 40. Indege yose yarimwo abantu bagera ku 92.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ano makuru ryavuze ko iyo ndege yo mu bwoko bwa C-130 yahiye iriko iruruka mu ntara yitwa Sulu iri mu maj’epfo ya Filipine. Iyo ntara imaze imyaka n’imyaka iberamwo intambara hagati y’ingabo za Reta n’abarwanyi biyitirira idini rya Islamu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Filipine Coloneli, Edgard Arevalo, yavuze ko amatohoza y’ibanze yerekana ko ata gitero cagabwe kuri iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG