Uko wahagera

Abaganga bo muri Nijeriya muri Yegereyegere Kubera Imishahara


Bamwe mu barwayi bo muri Nijeriya
Bamwe mu barwayi bo muri Nijeriya

Abaganga muri Nijeriya batanguye kugarariza akazi mu ntumbero yo kwiyamiriza imishahara baronswa batevye hamwe n'utundi duhembo bagenewe.

Iyo nkuru yatangajwe n’ishirahamwe ry’abaganga uno musi ku wa mbere. Ivyo bibaye mu gihe Nijeriya ihanganye n’ibitigiri bitera vyiyongera vy’abandura umugera wa Covid-19.

Abaganga kenshi baragarariza akazi muri Nijeriya ku mvo bavuga ko ziterwa n’ukuntu bafatwa nabi. Mu mwaka uheze baragararije akazi incuro zitatu. Mu vyo basaba harimwo uduhembo dufatiye ku kuvura abanduye umugera wa Covid-19.

Okhuaihesuyi Uyilawa, ayoboye ishirahamwe ry’abaganga mu gihugu, yatangaje ko kugarariza akazi vyatanguye mu masaha ya kare y’uno musi ku wa mbere. Amenyesha ko reta itashatse kuvugana nabo kuva bayituye ibibazo vy’abaganga.

Abajijwe niba ingingo y’abaganga yo kugarariza akazi izogira ingaruka ku gikorwa c’ugukingira abanyagihugu ikiza ca Covid-19, Uyilawa yatangaje ko inzara iruta ico kiza. Avuga ko ishirahamwe arongoye riserukira abaganga 16 000 ku baganga 42,000 bari mu gihugu.

Ibitigiri vy’abandura Covid-19 vyariyongeye kuva hagati mu kwezi kw’indwi. Abantu 174 315 baramaze gutorwamwo uwo mugera, mu gihe 2,149 bamaze gupfa kuva ico kiza ciyadukije mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG