Uko wahagera

Abafise Ubumenyi Boba Ari Intambamyi kw’Iterambere mu Burundi?


Bamwe bashira amakosa kuri Reta kubera idashiraho uburyo butuma ubumenyi bwabo bushobora kuja mu bikorwa mu gihe abandi bavuga kw'abafise ubumenyi aribo badafata iya mbere mu gushira mu ngiro ubumenyi bwabo.

Abarundi batari bake bamaze imisi bashikiriza ivyiyumviro vyabo kuri ico kibazo ku kibanza ca intenert, “Facebook” mu vyasohotse mu nyuma yaho ku kibanza ca internet, “Iwacu-Abarundi.Org” ku kibazo c’uko nimba abafise ubumenyi mu Burundi ari intambamyi ku vyerekeye iterambere ry’igihugu.

Bamwe bavuga kw’abafise ubumenyi, bafise uruhara mu gutuma igihugu kidatera imbere, kubera badafata iya mbere, mu gushira mu ngiro ubumenyi bwabo, mu gihe abandi bavuga kw’uruhara runini ruhagaze ku batwara, badashiraho uburyo butuma abafise ubwo bumenyi babushira mu bikorwa.

Ijwi rya Amerikaryarabajije Abarundi babiri bari mu bagize uruhara, mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo ku kibanza ca internet ca, “Facebook”, Thierry Uwamahoro wo muri Sosiyete, "ABT Associates" ngaha I Washington DC, na Daly Ngarambe, umuhinga mu vya “informatique”, akora mw’ishirahamwe, “Tempo Africell” mu Burundi. Tubatege amatwi:

XS
SM
MD
LG