Uko wahagera

Burundi: Intumwa y'Abanyaburayi Mu Karere k'Ibiyaga Bigari i Bujumbura


Aldo Ayello, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’Uburmwe bwa buraya mu karere k’Ibiyaga Binini ari i Bujumbura guhera ku musi wa jkane mu gatondo.Urwo rugendo ruzomara imisi ine ruzotuma ashobora kubonana n’abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka mfatakibanza, Dr.Jean Minani na Libere Bararunyeretse, imbere y’uko abonana ku musi wa gatanu n’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye n’icegera ciwe Frederic Ngenzebuhoro.

Urwo rugendo rw’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ruzokurikirana ku musi wa mbere w’indwi iza n’urw’uw’icegera c’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo akongera akaba n’umuhuza mu biganiro vyo guhagarika ingwano mu Burundi, Jacob Zuma .

Tumenyeshe y’uko uyo mutegetsi wa Afrika y’epho ari i Kampala ku murwa mukuru wa Ouganda kubonana n’aberwa n’ikibazo c’Uburundi, harimwo umukuru w’akigoro ku Burundi Yoweri Kaguta Museveni , umukuru w’igihugu ca Ouganda.

Izo ngendo zibaye mu gihe impari hagati y’abanyepolitique muri kino gihe ziri mu ngorane zijanye n’ukutumvikana kw’ihidurwa ry’ibwirizwa shingiro mfatakibanza imbere y’uko rijanwa mu matora yimirije.

Tumenyeshe kandi y’uko Uburundi bwatumiwe i Washinton mu nama izohuza ibihugu bitatu ari vyo Uburundi, Urwanda hamwe na Republika Democratique ya Congo. Ikazoba iyo kurabira hamwe ukugene indyane zihitiye mu karere ivyo bihugu biherereyemwo zoranduranwa n’imizi, no gukingira izokwiyadukiza mu nyuma. Ako kigoro karongowe n’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika. Iryo huriro ritegekanijwe kw’igenekerezo rya mbere ruhuhuma muri uno mwaka, rikaba ryari rimaze kubera i kampala,hanyuma i kigali.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG