Uko wahagera

Burundi: Inama Nkuru ku Biyaga Bigari Yararangiye - 2004-09-10


Inama itegura ihuriro kaminuza mpuzamakungu ku karere k'ibiyaga binini ku musi wa gatanu niho yarangira i Bujumbura.

Iyo nama yari igamije ugutororokanya ivyiyumviro, ivyiphuzo n'inyishu z'ingorane zirangwa mu karere k'ibiyaga binini, nk'ingwano z'urutavanako, umutekano muke, intwaro ibereye, imigenderanire n'ubutunzi, hamwe n'imibano n'ubuzima bw'abantu.

Abaserukira Republika Democratique ya Congo, Urwanda, Uganda, Uburundi, na Kenya, ari navyo vyerwa ubwa mbere n'iyo nama niho bari, n'abandi baserukiye ibihugu, amareta hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu ka burorerezi.

Iyo nama yari ihagarariwe n'abakuru nk'intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU mu karere k'ibiyaga binini, Ambassadeur Ibrahima Fall, uwuserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu Burundi, Mamadou Ba.

Nk'uko intumwa idasanzwe y'umunyamabanga wa mbere wa ONU mu karere k'ibiyaga bibini abisigura, amahoro n'umutekano mu karere k'ibiyaga binini ntiyoshoboka mu gihe ingorane nyamukuru zidatorewe umuti. Ku bijanye n'intwaro ibereye, birakenewe kurwanya ingendo yo gukumirana, ugushira imbere ibiganiro bihuza bose, n'uko batwara bokwama na ntaryo bagaragaza mu banyagihugu batwara ivyo bashoboye kurangura.

Iyo nama izokurikirwa n'izindi zibiri zizobera i Kinshasa muri Republika iharanira democrasi ya Congo, i Kampala muri Ouganda hamwe n'i Nairobi muri Kenya.

Izoheza isozerwe n'ikoraniro kaminuza ryerekeye amahoro n'umutekano mu karere k'ibiyaga binini, izobera i Dar Es Salaam muri Tanzaniya mu mwaka uza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG