Uko wahagera

Burundi: Abarundi Hafi 1000 Baratahutse - 2004-02-16


Abarundi bagera ku 973 bari barahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ni bo batahutse ku musi wa gatanu w'indwi iheze baciye mu ntara ya Ruyigi, mu bumanuko bw'igihugu. Abo Barundi baje bava cane cane mw'ikambi y'impunzi ya Kibondo, mu bice vya Karago, Mtenderi, Nduta, Karembwa na Nkungwa.

Inkuru ziva mu ntara ya Ruyigi zemeza ko abo Barundi baje baherekejwe n'abaserukira CR-Tanzaniya, igipolisi ca Tanzaniya, abajejwe umutekano bo muri district ya Kibondo, bakaba babashikanye mu Gisuru ku murwa mukuru w'intara ya Ruyigi.

Abo barundi 973 baje biyongera ku bandi 2799 batahutse ku magenekerezo ya 28 nzero na 12 ruhuhuma, hamwe n'abandi 420 bataciye mu nzira zidategekanijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kwisi, HCR.

Twibutse y'uko ibikorwa vyo kwakira impunzi zitahuka mu Ruyigi vyari vyarahagaritwe kuva muri Gitugutu mu 1999.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG