Uko wahagera

Burundi: CNDD-FDD Irasaba Itegurwa rya Mines - 2004-01-05


Abantu bane ku musi barahitanwa n'imitego ya. mines, umuhari CNDD-FDD usaba y'uko reta n'amashirahamwe mpuzamakungu yokwihutira kuyitegura.

Umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, urasaba y'uko reta n'amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe afasha Uburundi yokwibandira vuba gutegura imitego ihitana abantu - mines anti-personnelles - aho hose ingwano yari imaze imisi ibera.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru ku musi wa mbere i Bujumbura, umunyamabanga mukuru w'uwo muhari, Hussein Radjabu, yemeza y'uko kuva ingwano iriko iraba abantu bashika kuri bane baguma bahitanwa ku musi ku musi n'iyo mitego.

Imitego ihitana abantu yarakoreshejwe nk'ikigwanisho mu gihe uyo muhari wari ugishamiraniye n'abasirikare ba reta. Ku bwa Radjabu, imitego imwe imwe yaba yashinzwe n'abasirikare umuhari wiwe warayitegura mu gihe waba uriko urarondera inzira zazibiwe ariko rero ugaheza ukayitega ahandi kugira ngo wikingire na none ibitero vy'abasirikare ba reta.

Iyo mitego ikarira cane cane abantu muri kino gihe bariko baratahuka bava mu buhungiro nabo bakaba baza ari benshi, kuva aho amasezerano yo guhagarika ingwano abereye hagati y'umuhari CNDD-FDD na reta y'Uburundi, kuko batazi neza ibibanza iyo mitego iherereyemwo.

Uyo muhari uremeza icese ko ushobora gufasha kwerekana ibice bigwiriyemwo za mines anti-personnelles mu gihe igikorwa co kuyitegura cotangura. Aho naho ni nko mu kabande ka Nyanzalac, amayira amwe amwe ari ku mbibe, nka Cankuzo, aharabana n'akarere ka Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya, mu kibira, mu nzira ziva zikongera zikajana ku Muzinda mu ntara ya Bubanza, mu ntara ya Bujumbura-rural, n'ahandi.

Twibutse y'uko uyo muhari waheruka kwiyemeza kw'igenekerezo rya 15 kigarama mu mwaka uheze yuko ugiye kwankiriza ugukoresha mines anti-personnel, gufashanya mu kwonona ububiko bwavyo no mu bikorwa vyo kuyitegura, kugarukira ku bahitanywe na yo no guhimiriza abantu ku ngaruka mbi zayo.

Umuhari CNDD-FDD usaba y'uko ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano yokwubahirizwa, ukemeza ko witeguye mu matora ategekanijwe muri uno mwaka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG