Uko wahagera

Burundi: Ibyapa Bikeya Birimo Guteza Impanuka mu Banyeshuri - 2003-11-15


Amasanganya arashikira akatari gake abana b'abanyeshure bivuye ko ibimenyesto bijanye n'uruja n'uruza rw'imiduga mu mabarabara amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura bitagihari.

Kugira ngo bikingire iyo baja kw'ishure, abakuze baja mu mpera, bagafata amaboko barumuna babo, canke abavyeyi bakarungikana abakozi bo mu nzu utwana duto duto. N'aho iri uko, ntikibuza y'uko impanuka zama zabaye zikabahitana.

Bella kwizera yiga mw'ishure ritoyi ryo ku Ntahangwa.Twasanze ahejeje kujabuka arabitwiganira:

“Hariho igihe abana bahora bagongwa...yari ajabutse azi kw'imodoka igira ikatire aho kuri station, ica iza ningoga iramugonga, aca apfira aho mw'ibarabara.”

Ibimenyesto vyerekana ukugene abantu bajabuka vyarashaje canke biribwa, ntivyaba bigisubirizwa.

Haraheze igihe abapolisi batanguye igikorwa co guhagarika imiduga na cane cane mu masaha iba igwiriye. Ivyo vyavuye ku mwumvikano wahabaye hamwe n'abarezi be n'abavyeyi. Umwe arashinga ibimenyesto vyerekana ko abana bagira bajabuke hirya no hino y'ibarabara. Babwirizwa kurindira kugira ngo abana bagwire, imbere y'uko barengana.

Ukurenza umuvuduko canke ukutubahiriza ivyo bimenyesto, ntivyorosha akazi ko kurinda impanuka. Abagendesha imiduga na cane cane iyunguruza abantu iyo bafashwe barahanwa.

Ariko rero, ubukene bw'imiduga ijana abapolisi mu bibanza bakoreramwo canke igitigiri gito cabo gituma basiba. Andre Mbayabaya arongoye igisata kijejwe gukingira abantu n'ibintu asaba ko amashure yokwiyungunganya, akigisha abarimu ico gikorwa:

“Igituma twavuze y'uko abacivils bashobora kugakora twagomba kuvuga cane cane abarimu bo kuri ayo mashure. Turashobora kubafasha, nk'abo twahora turungika tukabagabanya mu gihe abantu bo muri ayo mashure badufasha; ni igikorwa gishoboka.”

Kugira ngo amasanganya agabanuke, ibicapo n'ibimenyetso vyahora ku mabarabara vyosubirizwa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG