Uko wahagera

Burundi: Reporters Sans Frontieres ngo Radio Isanganiro Ihite Ifungurwa - 2003-09-15


Ishirahamwe Mpuzamakungu Reporters Sans Frontieres (RSF) ryarasavye ku wa mbere umushikiranganji w'Uburundi ajejwe kumenyesha amakuru akongera akaba n'umuvugizi wa reta Albert bonerane y'uko yogaruka ku ngingo aherutse gufata y'uguhagarika ibiganiro vy'iradiyo yigenga “Isanganiro”

Ishirahamwe RSF rivuga y'uko iyo ngingo yaraye ifashwe n'ubutegetsi ituma abanyagihugu badashobora kuronka igice kimwe c'inkuru. Iyo ngendo ikaba itabereye cane cane kuko ifashwe mu gihe igihugu kiri mu biganiro bigamije ukurondera amahoro.

Twibutse y'uko iyo ngingo yafashwe ku musi wa gatandatu w'indwi iheze, iyo radiyo ikaba yategekwa guhagarika ibiganiro vyayo kuri uyo musi nyene igihe c'isaha 7 z'umurango.

Reta y'uburundi yahoye iyo radiyo ko yahaye ijambo umuvugizi w'umuhari FNL -Palipehutu uyirwanya Pasteur Habimana, mu kiganiro yari yatangaje mu gatondo nyene kuri uyo musi.

Radio Isanganiro yari yatanguye gutangaza ibiganiro vyayo muri Munyonyo mu mwaka uheze.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG