Uko wahagera

Intumwa za CNDD-FDD i Bujumbura zararangije urugendo - 2003-08-02


Intumwa za CNDD-FDD ishamirya Pierre Nkurunziza zahora i Bjumbura zararangije ku wa gatanu urugendo zahoramwo.

Izo ntumwa zari zigizwe n'abantu 5 zikaba zari zirongowe na Salvator Ntacobamaze. Zimenyesha y'uko icegeranyo bazoshikiriza abarongoye uyo muhari kizoba ari ciza mu nyuma y'imibonano bari bamaze indwi bagiriranira n'abaserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Ivyo biganiro ahanini vyari bigamije ukugene uyo muhari wa CNDD-FDD woserukirwa mu urwi uzoba ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano mu Burundi, na cane cane umutekano w'abantu bawo mu gihe bazoba bari i Bujumbura.

Tubibutse y'uko uwurongoye izo ntumwa, Salvator Ntacobamaze, yari yamenyesheje y'uko adateye kubiri n'uko abasoda ba Afrika y'epfo ari bo bobacungerera umutekano. Mu mpera z'urugendo rwiwe yaremeje y'uko umuhari yaje aserukira uzorungika abantu bawo mu murwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika intambara.

Urwo rugendo rurangiye mu gihe umukuru w'igihugu mfatakibanza Domitien Ndayizeye yari yarangije kuri uyu wa kane urugendo yari yagize mu bihugu vya Tanzaniya na Ouganda. Domitien Ndayizeye akaba yiyemeje ko mu biganiro vyo guhagarika ingwano abakuru b' ibihugu n'amareta bazokwisunga ivyiyumviro n'ivyipfuzo biva mu mpande zose.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG