Uko wahagera

Burundi: CNDD na FNL Byiteguye Kwinjira mu Gisirikari Gishya - 2003-06-07


Imihari yashize ibikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano ku wa ndui itugutu mu bihumbi bibiri na kabiri iramenyesha ko ishobora kw'injira mu kibanza categekanirijwe abahora barwana i Muyange mu ntara ya Bubanza.

Imihari ya CNDD -FDD, ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye, na FNL Palipehutu, ishami rya Alain Mugabarabona, yaramenyesheje icese y'uko yamaze kwitegurira kuja mu kibanza c'i Muyange mu ntara ya Bubanza, mu nzira yo kwinjira mu gisirikare gishasha c'igihugu.

Ivyo vyamenyeshejwe n'iyo mihari mu nyuma y'aho umurwi w'Afrika ujejwe gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano yashizweko ibikumu ku wa ndwi muri Gitugutu mu mwaka w'ibihumbi bibiri na kabiri wemereje icese ko ico kibanza camaze gutegurwa.

Muri iyi misi ibiri ya mbere intwazangabo z'iyo mihari mu karere ikambi ya Muyange iherereyemwo bazobanza ariko kwishikirayo ngo babone ko ubuzima bushoboka.

Inama yahuje kuri uyu wa gatanu i Bujumbura abaserukira reta , umurwi wa FNL palipehutu, n'umurwi wa CNDD-FDD yategekanije y'uko ata kambi n'imwe izorenza abahora barwana barenga ibihumbi bitatu. FNL ya Alain mugabarabona izozana abagera ku 1.250, CNDD-FDD ya Jean -Bosco ndayikengurukiye izozane abashika ico gitigiri nyene.

Tumeneyeshe y'uko imbere y'imisi 70 bitazoshoboka ko abo bahora barwana bazana muri ayo makambi imiryanoyabo ku bavyifuza.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika niryo rizokora igikorwa co kuja gutora abo bahora barwana mu bibanza vyose bazoba bahuriyemwo.

Iyegeranirizwa hamwe ry'aba hora barwana muri ico kibanza co mu buraruko bw'igihugu rizoshishikara n'aho umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza ryagabishije risaba ko ico gikorwa cotangurira ahubwo mu bumanuko.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG