Uko wahagera

Burundi: D. Ndayizeye Arasaba Abasoda b'Afrika Vuba - 2003-03-28


Icegera c'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye, yarasavye kuri uyu wa gatanu y'uko umuzo w'abasoda b'abanya Afrika bajejwe gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano boshika mu Burundi mu maguru masha.

Ivyo Domitien Ndayizeye yabimenyesheje mu gihe yafata kuri uyu wa gatanu indege imushikana muri Afrika y'epfo ku butumire bw'icegera c'umukuru w'ico gihugu, Jacob Zuma.

Domitien Ndayizeye ati: "Ico tuzosaba icegera c'umukuru wa Afrika y'epfo ni umuzo w' abasoda b'abanya Afrika mu maguru masha."

Tumenyeshe y'uko urwo rugendo ruje rukurikirana n'urwa président Buyoya rwari rwabaye mu ndwi iheze muri ico gihugu nyene. Icegera c'umukuru w'uBurundi akaba atahakanye iciyumviro c'uko azoganira na Jacob Zuma ibijanye n'ibisikanaya ku butegetsi na président Buyoya.

Tumenyeshe y'uko imigambwe ishigikiye imiryango ya politique iri ku butegetsi yari imaze imisi iharira ku bijanye n'iyimikwa rya Domitien Ndayizeye mu kibanza c'umukuru w'igihugu kw'igenekerezo rya mbere rusama muri uno mwaka.

Président Buyoya yahavuye yemera ivyari vyategekanijwe mw'ibwirizwa shingiro mfatakibanza, bijanye n'uko abisikanya n'umukuru avuye mu wundi muryango mu vya politique ritegerezwa kuba ku wa mbere Rusama mu 2003.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG