Uko wahagera

Gufata Abakenyezi ku Nguvu Vyariyongereye mu Burundi - 2003-03-10


Ugufata ku nguvu abakenyezi hamwe n’abigeme vyariyongereye mu Burundi, cane cane mu bice biberamwo ingwano. Inkuru zinyuranye zemeza y’uko ayo mabi akorwa n’abo mu mirwi y’abitwaje ibirwanisho hamwe n’abasoda b’igihugu.

Muri commine ya Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura rural, izo nkuru zitumenyesha y’uko akatari gake abakenyezi hamwe n’abana b’abakobwa bama bafashwe ku nguvu mu gihe baja gukora mu mirima y’umuceri ahantu hitwa mu Bugoma.

“Hari mu ma saa munani. Nca nsanga yo abantu barambaza bati uje gutora iki ? Nti nje guturira ivyatsi( …)baca baramfata, bankwegera mu bibingo, bangirira ibiterasoni.”

Uyo mukenyezi ivyo vyamushikiye ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa. Yaciye asama inda.

Yarasubiriye avuga ati: “ Ariko nibaza y’uko abo batari abasirikare b’igihugu kuko aho vyabereye hari kure ya position.”

Ikindi yatumenyesheje n’uko abo bantu bitwaje ibirwanisho bamusavye amahera y’umurengera imbere y’uko bamurekura.

Abajejwe intwaro bemeza y’uko kenshi na kenshi amabi bene ayo agirirwa abakenyezi adahuta aramenyekana .Ivyo bikava kuko abakenyezi ubwabo badahuta barabishira ahabona kuko batinya ingaruka zavyo.

Abarongoye iyo komine ya Mutimbuzi bemeza y’uko iyo umukenyezi yakorewe amabi mwene ayo bishika bigatera umwuka mubi mu miryango mbere rimwe na rimwe ingo zigasambuka n’aho iyo abubakanye iyo bariko baraburana badahuta baramenyesha ico bapfuye.

Iyo ico kibi cakozwe n’umusirikare w’igihugu yafashe ku nguvu umunyagihugu ingaruka n’uko bishobora gutera umudugararo, abanyagihugu nabo ntibabe bacumvira abasirikare nko mu bijanye n’ibikorwa bahora babafasha.

Muri zone ya maramvya iherereye muri iyo komine ya Mutimbuzi abanyagihugu baba hafi y’amapositions y’‘abasirikare barabafasha mu bikorwa bimwe bimwe nko kubavomera amazi canke kubunguruza ku makinga.

Umukenyezi yafashwe ku nguvu n’abasirikare wewe yashimye guca abishira ahabona kugira ngo ikibi nk’ico gihashwe, cane cane kuko yibaza ko ivyo yagiriwe vyamukuyeko urupfasoni.

Ati: “Guca aho uwundi munarugo ari ngo urya n’uwo kw’ibarabara, umwana akuvuma uyundi akuvuma (…) nico gituma nabitakamvye nkabivuga.”

Igitigiri c’abakenyezi canke abakobwa bakorerwa ivya mfura mbi kiguma ari kinini ugereranije n’ic’abamenyekana nk’uko tubishikirizwa n’ishirahamwe ryo mu Burundi riharanira agateka ka zina muntu Ligue iteka.

Ryemeza y’uko amabi bene ayo akorerwa abakenyezi n’abigeme mu bihe vy’igwano ava kuko abarwana baba bashaka guhana abakenyezi na cane cane iyo bakeka ko bakorana n’umwansi. Amategeko mpanavyaha ategekanya igihano c’umunyororo ugera ku myaka mirongo itanu ku w’agiriwe n’icaha co gufata ku nguvu abakenyezi.

Abanonosoye ivyamategeko bemeza y’uko ico gihano ari gito uregereranije n’ingaruka zijanye no gufatwa ku nguvu »Umushinwamanza Clotilde Niragira avuga ati »Arashoboye no kwonona ubuzima bw’umwana akiri muto, ugasanga biranse ko avyara canke agaca atwara inda. Ugasanga ubuzima bwiwe burapfuye «

Ugufata abantu ku nguvu mu bihe vy’ingano mu Burundi ntibifatwa nk’ayandi mabi akorwa mu bihe vy’ingwano. Reta hamwe n’inama nshingamateka bikazobanza kwemeza ibitegekanywa na na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kugira ngo ayo mategeko ashobore kuja mu ngiro.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG