Uko wahagera

Ikiringo co Kwiyandikisha ku Bazotore Congerejwe


CENI yongeye ikiringo c'abiyandikisha ngo bazotore...
Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora yo mu mwaka wi 2010 waraye ufashe ingingo yo kwongereza ikiringo c’abiyandikishango bazotore. Ikiringo ca mbere c'imisi cumi n'ine cari carangiye, abanyeporitike benshi bagizwe ahanini n'abatavuga rumwe na reta bakaba bidombera umugwi CENI ngo nti watunganije neza igikorwa co kwiyandikisha.

Umukuru wa CENI, Pierre Claver Ndayicariye, yatangaje ko ikiringo kigiye kwongerwa kugira ngo abatashoboye kwiyandikisha baronke akanya ko kwiyandikisha. Ukwiyandikisha nti vyihutiwe kubera imvo nyinshi, ariko ahanini vyavuye ku mpapuro zisabwa, nka kangamuntu usanga abantu atazo bafise.

Abanyeporitike batavuga rumwe na reta bagiriza abajejwe intwaro ko bakoreshwa n'umugambwe uri k'ubutegetsi kugira ngo nti bahe karangamuntu abari mu yindi migambwe.
Imigambwe itanu; FRODEBU, UPRONA, CNDD, MSD na UPD yasohoye urwandiko rumwe rutera akamo abarundi ngo bitabe ari benshi igikorwa co kwiyandikisha.

XS
SM
MD
LG