Uko wahagera

Ubutungane mu Burundi Inyuma y'Intambara  


Abashingamateka n'abakenguzamateka bariko bariga ingene ubutungane bwifashe inyuma y'intambara mu Burundi. Inama nkenguzamateka n’inama nshingamateka ziriko ziha abashingamateka inyigisho zijanye n'ubutungane bw'inyuma y'intambara. Izo nyigisho zatanguye ku wa mbere igenekerezo rya 14 z’ukwezi kw’icumi na kabiri, zishigikiwe n'ishirahamwe y'inama nshingamateka zi Bulaya, AWEPA.

Uwaserukiye ishirahamwe AWEPA asigura ko inzego zikomeye nk’inama nshingamateka n’inama nkenguzamate zitegerezwa gutahura neza ibigize ubutungane bw'inyuma y'intambara, kugira ngo bushobore gutora amategeko ashinga inzego z'ubutungane zifise ububasha bwo gutorera umuti ivyabaye mu ntambara. Abashingamateka n'abakenguzamateka barashima kubana barahawe akaryo ko guhanahana ivyiyumviro kur'ico kibazo.

Izo nyigisho zitunganijwe mu gihe reta y'Uburundi n’ishirahamwe ONU bitabona co kimwe ivyokorwa kugira ngo amabi yakozwe mu ntambara mu Burundi ahanwe. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ko hashingwa sentare mpuzamakungu ihana amabi n'ivyaha vyakozwe, arko reta nayo isa n'uko itemera iyo sentare, ikaba rero yasavye ONU kuyiha umwanya wo kubaza abanyagihugu ico bavyiyumvirako. Reta y'Uburundi ishimikiye kandi ahanini ko hashingwa umurwi wo kumenya ukuri no guhariranira, ikigongwe kikaba arico kija imbere. Umugambi wo kubaza abanyagihugu ico bipfuza ugiye kurangiza igikorwa cawo mu mpera z'uku kwezi turimwo kw’icumi na kabiri

XS
SM
MD
LG