Uko wahagera

Ejo Bite? Urwaruka n’Imyuga muri Komine Bugenyuzi  


Ku mugwa mukuru wa komine Bugenyuzi mu ntara ya Karusi, abakiri bato barigishanya imyuga. Mu bakora umwuga wo kumwa, Sylvestre Mpozenzi aremeza ko uwo mwuga yawigishijwe n’urunganwe. Uwipfuza kumenya uwo mwuga, arasabwa urwinjizo. Aho ni nk’ibido y’urwarwa. Ahandi naho ni igiti c’inyama nk’uko vyashikiye Sylvestre Mpozenzi akiri muto.

Ababoneye izuba abandi mu mwuga muri Komine Bugenyuzi, baritanga mu kuwigisha abatawuzi. Uwitwa Habimana adandaza mu mangazini, niwe aza imbere, nk’uko vyemezwa na Abel Niyonzima umuyabaga. Inkurikizi n’ukuronsa akazi abatagafise. Akarorero ni Sylvestre Mpozenzi amaze imyaka ine akora akazi yahawe n’uwamukurikiranye. Mpozenzi avuga ko kuba afise akazi, vyatumye adasamazwa n’ingeso zitabereye, nko kwirirwa ku ma ligalas. Urwaruka ruhunguka ruza rufise ubumenyi budahuye n’ubw’abasangwa. Itandukaniro rihagaze ku buryo bw’ingene bimosha. Abel Niyonzima twasanze ariko aramwa yatuyagiye avuga ati:

“Ngo bari bazi kumwa tukabaha imashini ngo bamwe tugasanga nti bamwa nka twebwe ama coiffe atandukanye….n’ama Tyson, ordinaire, ama malingisi, ibipala, ama coupe carre, na bogy derriere….ama Tyson mugabo si nk’ayo tumwa. Urasanga barimoye ukutariko, nk’uko bamenyereye kumwa i Tanzaniya nyene”.

Ukwisumamwo mu mwuga w’ukumwa kurafasha. Abel Niyonzima avuga ko naho bidashemeye, arashobora kwigurira utuntu duto duto. Aho ni nk’agasabuni n’impuzu. Ahandi naho ni kuronka ico ashira mu nda. Mu gihe abimwesha bagwiriye, akarusho kaba kanini. Kukaba nkako Abel Niyonzima avuga ko yinjiza ayari hagati yi 3000 ni 4000 vy’amarundi ku musi, uwukoze adasiba nawe akaronka impembo. Ibihumbi cumi nivyo atahana nk’uko bishikira Sylvestre Mpozenzi.

Abavyeyi barashima uko urwaruka rwiyungunganya. Prudencienne Harerimana abona ko ari vyiza, kuko ruboneraho kumenya kwirwanako nti ruzere inze. Ariko rero ikibazo c’umuyagankuba ngo n’intambamyi. Ugenda isaha imwe yo mugitondo ukagaruka isaha cumi na zibiri ku mugoroba. Twasanze abantu bose biyungunganya ku moteri bakoresha,kandi muri ico gihe inyungu iba nto. Abo twaganiriye batubwiye ko bitera umwikeko hagati y’abakozi n’abakoresha. Muri ibi bihe turiko turaja mu mahoro imyuga yoba ngirakamaro ku bakiri bato. Umuvyeyi Josephine Ndayisaba aratuyagira:

“Yokibamarira kubera y’uko nk’ayo mahera ariko arakubwira ko ahembwa, mu gihe rero ayahembwe, umugore nawe imuhira aba ariko ararondera ubundi buryo, bigatuma bica bimworohera gutunga umuryango yoba afise.”

Ukwemererwa gukora nk’amashirahamwe ataco barinze gusabwa nivyo abakiri bato ba komine Bugenyuzi basaba intwaro.




XS
SM
MD
LG