Uko wahagera

Uruhara rw’Amasendika y’Abigisha mw'Ihagarikwa ry'Akazi  


Amasendika atatu y'abigisha bo mu mashure matomato, STEB, SLEB na SYNAPP, amaze imisi ibiri ateye akamo abanywanyi bayo ngo bahagarike akazi mu kiringo kitatomowe. Mu mashuri y'intango ya reta, akazi karahagaze, kandi haheze indwi imwe gusa umwaka w'ishure w'i 2009 ushira uw'i 2010 utanguye.

Mu matangazo bashikirije abamenyeshamakuru mu nzandiko canke mu majambo, abarongoye ayo masendika bavuga ko reta itakurikije ivyo baganiriye mu mwaka w'i 2005, ku bijanye n'amategeko mashasha aha akarusho abigisha mu vyerekeye imishahara, amapete bahabwa, n'amafaranga y'agashiruka bute, hakurikijwe imyaka umwigisha amaze mu kazi.

Ayo masendika aravuga ko reta yari yemeje gushira mu ngiro ivyo bumvikanye kuva mu kwezi kwa mbere umwaka w'i 2007, ariko ngo siko vyagenze. Umushikiranganji ajejwe imigambi y'akazi, Sendazirasa Annociata asigura avuga ko ayo masendika yihuse guhagarika akazi, kuko ngo Inamanshikiranganji yokwize ikibazo cabo ku musi wa gatanu . Abo batwara amasendika y'abigisha nabo bavuga ko barindiriye kuva kera, kandi ngo bazosubira ku kazi baronse inyishu bipfuza.

Sendika y'abigisha bo mu mashure yisumbuye CONAPES nayo yaramaze kwandika, igabisha ko ishobora guhararika akazi mu ndwi iza, kuko nabo nyene basaba ibijanye no kunganisha imishahara ku bantu banganya urupapuro rw'umutsindo. Mu Burundi abantu banganya impapuro z'umutsindo bita ko bakorera bose reta bararushanya imishahara bivuye ku bisata canke ubushikiranganji bakoramwo.

XS
SM
MD
LG