Uko wahagera

Mu Burundi, Abacamanza Batatu Barahagaritswe mu Kazi


Abo bacamanza batatu bahagaritswe mu kazi kubera urubanza baciye. Umushikiranganji ajejwe ubutungane mu Burundi, Ndikumana Jean Bosco, yafashe ingingo yo guhagarika mu kazi, mu kiringo c'amezi abiri, abacamanza batatu bo muri sentare nkuru y'i Bujumbura, kubera uwo mushikiranganji atashimishijwe n'urubanza abo bacamanza baciye.

Urwo rubanza rwari rwerekeye Gedeon Ntunzwenindavyi, umukuru w'umuhari utemewe n'amategeko PA-Amasekanya. Gedeon Ntunzwenindavyi yafashwe n'ibiro vy'iperereza imbere y'uko abaporisi bo mur'ivyo biro bamutwara mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, Mpimba, aho yaramaze amezi hafi atandatu.

Gedeon Ntunzwenindavyi yagirizwa kuba yariko ategura guhungabanya umutekano. Ariko mu ndwi irangiye, abacamanza batatu ba sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, bamwambitse izera, abo bacamanza nabo baca bahagarikwa mu kazi. Abo bacamanza babwiye Ijwi rya Amerika ko Ntunzwenindavyi yarenganijwe. Sendika y'abacamanza itanganza ko umucamanza adashobora gukurikiranwa kubera urubanza yasomye. Sendika YMABU ivugako vyagaragaye ko urwo rubanza rurimwo ivya poritike. Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe ubutungane, Andre Ntahomvukiye, avuga ko abo bacamanza bahagaritswe kubera amakosa y'akazi.

Umushikirizamanza yaburanya umukuru wa PA-Amasekanya, Gedeon Ntunzwenindavyi, nti yunguruje urubanza mu kiringo gitegekanijwe n'amategeko. Abashingwamanza b'Abarundi kenshi na kenshi bagiriza abategetsi ko batubahiriza ubwigenge bw'abacamanza butegekanijwe mw'ibwirizwa nshingiro.

XS
SM
MD
LG