Uko wahagera

Ingurane y'Ikigega Mpuzamakungu FMI ku Burundi


Uburundi burashima ingurane buheruka guhabwa n'Ikigega Mpuzamakungu FMI. Ku musi wa mbere, igenekerezo rya cumi na gatatu ry’uku kwezi kw’indwi, ico kigega cahaye Uburundi ingurane y’imiriyoni zirenga cumi z'amadorari y'Abanyamerika, ni ukuvuga imiriyaridi zirenga cumi na zibiri z'amafaranga y’amarundi. Donatien Bwabo, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta mu Burundi yabariye radiyo Ijwi rya Amerika ko imigenderanire hagati ya reta y'Uburundi n'ikigega mpuzamakungu FMI yifashe neza.

Amasezerano ibanki y'isi yose yumvikanye ko na reta y'Uburundi, avuga ko iyo ngurane izokwishugwa mu gihe kirekire, ni ukuvuga imyaka irenga itanu, ku bice biri munsi ya bitanu kw'ijana vy'inyungu. Donatien Bwabo avugira ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta, asigura ko iyo ngurane ije gufasha Uburundi mu kwongereza amafaranga y'agaciro.

Iyo ngurane izohabwa Ibanki Nkuru y'igihugu BRB, hanyuma nayo iyakoreshe mu kuyaha abadandaza bakorana bakeneye amafaranga y'agaciro bakoresha mu kurangura ibidandazwa hanze y'igihugu. Donatien Bwabo, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta yabwiye kandi Ijwi rya Amerika ko ayo mafaranga yaje hageze, kubera ko ingorane z'ubutunzi kw'isi zari zimaze gutuma amafaranga y'agaciro agabanuka cane mu Burundi. Donatien Bwabo asigura kandi ko iyo ngingo y'Ikigega Mpuzamakungu FMI yerekana ko ico kigega gishimishwa n'uburyo reta y’Uburundi iriko irarangura imigambi y'iterambere.

Ikigega mpuzamakungu FMI catanze iyo ngurane cisunze umugambi bemeranije na reta y’Uburundi mu kwezi kw'indwi mu mwaka uheze. Uwo mugambi werekeye gufasha Uburundi gushika ku ntambwe yo guheberwa ingurane zose Uburundi bufitiye ibindi bihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu. Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwa Afrika Uburundi buherutse kwinjiramwo, ritegeka ko igihugu cose kiri mur'iryo shirahamwe, kuba gifise amafaranga y'agaciro gishobora gukoresha mu kiringo c'amezi atandatu.

XS
SM
MD
LG