Uko wahagera

Uburyo Bushasha bwo Gutoza Amakori mu Burundi


Uburyo bushasha bwo gutoza amakori burateye ingorane mu Burundi. Ku kivuko gikuru ca Bujumbura, haheze indwi ibidandazwa bidasoka, kubera abakozi ba Duwani badatahura neza uburyo bushasha bwo kurihisha amatagisi n'amakori, hisunzwe ibisabwa n'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika. Ayo mategeko ategekanya ko amatagisi aba amwe ku bidandazwa bimwe bimwe vyo mu bihugu bitanu bigize iryo shirahamwe.

Ku wa kabiri igenekerezo ry’indwi, ukwezi kw’indwi 2009, Radiyo Ijwi rya Amerika yatembereye ku kivuko ca Bujumbura, aho yasanze harangwa umusunikano mwinshi w'abadandaza bafise imyidogo myinshi. Abo badandaza bavuga ko kuva kw'igenekerezo rya mirongo itatu z’ukwezi kwa gatandatu, ata kidandazwa na kimwe kirasohoka. Aho ku kivuko ca Bujumbura, abakozi ba Duwani bamwe bari mu mpari n'abadandaza, abandi nabo bariko biterera inkuru. Abo twaganiriye ariko binyegeza ngo ababarongoye nti bababone, kandi batubujije no kuvuga amazina yabo, batubwiye ko muribo benshi badatahura uburyo bushasha bwo kurihisha amakori n'amatagisi. Bisigura bavuga ko mu mamashine bakoresha ubwo buryo butari bwaboneke.

Ku mbibe z’igihugu, aho ibidandazwa vyinshi biva hanze vyinjirira, akazi gasa nk'akamaze indwi gahagaze. Abajejwe gutoza amakori ahitwa Kobera mu buraruko bw’Uburundi, no mu Rumonge mu bumanuko bw’Uburundi, abakoraho babwiye Ijwi rya Amerika kuri terefone, ko akazi katoroshe. Bavuga ko amakori asabwa abadandaza yabaye umurengera, ku buryo bamwe bashimye mbere gusubiza inyuma amakamyo yari azanye ibidandazwa. Abakirindiriye ko bumvikana na Duwani kandi bafise ibidandanzwa bishobora kwononekara nk'indagara, baridoga bavuga ko bariko barahomba, mu gihe amabanki yo aguma abaharurira inyungu ku ngurane bafashe.

Kw'igenekerezo rya mbere z'uku kwezi kw'icndwi, niho Uburundi n'Urwanda vyatangura ubwo buryo bushasha bwo kurihisha amakori n'amatagisi, mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika, rigizwe n'Urwanda, Uburundi vyinjiye inyuma y'ibihugu vya Tanzania, Kenya na Ouganda. Ubwo buryo butegekanya ko ibidandazwa vyinshi bikorerwa mur'ivyo bihugu bizokwinjira ata na kimwe bisabwe, harimwo ahanini n’ibikoresho bikenewe mu mahinguriro. Igihugu cose gitegerezwa gutanga urutonde rw'ibidandazwa cifuza gukingira. N’ukuvuga ko kugira ngo ikindi gihugu cinjize ivyo bidandazwa, gisabwa amatagisi ari hagati y’ibice mirongo itatu na bitanu kw'ijana gushika ku bice ijana kw'ijana. Uburundi nti buratanga urutonde rw'ibidandazwa vyose bwipfuza gukingira, ivyo bikaba biri mu bitera ingorane.

Amategeko ategekanya kandi ko ibidandazwa vyose vyinjira bitanga ico bita TVA, n’ukuvuga tagisi ijanye n'inyungu umudandaza azoronka. Iyo tagisi iri mu bitera ingorane, cane kubera ko n'abadandaza badatahura ivyo arivyo, igihe bayisabwa n'igituma. Umuyobozi wa Duwani, Ezechiel Niragira, yasiguriye Ijwi rya Amerika ko ugukoresha uburyo bumwe mu gusaba amakori n'amatagisi bizofasha abadandaza b'Abarundi mu kwagukirwa, kuko bazoshora mu karere karimwo abantu imiriyoni ijana na mirongo ibiri, mu gihe bahora badandaza mu gihugu kirimwo imiriyoni umunani gusa z’abantu. Abadandaza barashima uko kwagukirwa, ariko bakagira amakenga y'abadandaza bo mu bindi bihugu nabo nyene bazoba bafise uburenganzira bwo kwinjiza ibidandazwa vyabo mu Burundi.

Ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika bigize ishirahamwe EAC ni Uburundi, Urwanda, Ouganda, Tanzania na Kenya. Ritegekanya ko mu mwaka w'i 2012 rizoba rikoresha ifaranga rimwe, mu mwaka w’i 2015 naho rigahinduka Reta Nzunze Ubumwe zo m’ubuseruko bwa Afrika.

XS
SM
MD
LG