Uko wahagera

Inyuruzwa ry’Abana b'Abigeme mu Gatumba


Ubusuma bw'abana b'abigeme burakomeye mu Gatumba. Mu kwezi kwa kane kurangiye, abana b'abigeme batatu bafise hagati y’imyaka itanu n’imyaka cumi baranyurujwe n'abantu bataramenyekana. Iyi nkuru yemezwa na Sake Mathieu, aserukira ishirahamwe ryubahiriza agateka ka zina muntu ACPDH muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura-Rurale.

Sake Mathieu avuga ko ubwo busuma buhagaritse umutima abantu, agasaba abajejwe intwaro n'umutekano gufasha cane mu gukora amatohoza, kugira ngo abakora ayo mabi bamenyekane, hanyuma abantu bamenye iyo abo bagizi ba nabi batwara abo bana, n'ico babakoza.

Abajejwe intwaro baganiriye n'Ijwi rya Amerika kur'ico kibazo, baremerako gihagaritse umutima abantu, ariko bakagiriza abavyeyi kutitwararika abana babo. Ikimaze kumenyekana, ngo n'uko abatwara abo bana babahendesha udufaranga, ibintu bisosa, nk’imbombo n’ibisuguti, canke kubaha iminyenga, haba mu miduga canke ku makinga. Umuti w’izo ngorane ngo n'uko abajejwe intwaro n’umutekano bokorana n'abanyagihugu mu kugwanya ubwo bugizi bwa nabi bwo kunyuruza abana.

XS
SM
MD
LG