Uko wahagera

Hussein Radjabu Imbere ya Sentare 


Urubanza rwa Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, rwasubiye kwumvirizwa ku wa gatatu igenekerezo rya kane, ukwezi kwa kabiri, mu mwaka wi 2009, muri Sentare Nkuru y'igihugu. Mu ntahe y'icese igize iya kane mu misi itanu, urubanza rwinjiye mu ntambwe ikomeye y'imburano.

Hussein Radjabu yarengutse ari kumwe n'abandi bantu indwi basangiye icaha, hamwe n'abashingwamanza batatu bamufasha kuburana. Mur’abo bamuburanira, harimwo umunye Congo, LUBALA EMANNUEL, asanzwe aburanira umuhungu wa Francois Mitterand, mu rubanza rw'idandazwa ry’ibigwanisho muri Angola, n'Umubirigi Guy Maeseele.

Abacamanza barumvirije ababurana, hamwe n'uwuhagarariye amategeko yagiriza abakurikiranwa ku kirego co gutegura guhungabanya umutekano no gutembagaza inzego z’igihugu. Uwagiriza yamenyesheje ko inama yo gushira mu ngiro uwo mugambi, yakozwe kw'igenekerezo rya mirongo itatu na rimwe ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2007, kandi ko yitabwe n’abantu bashika mirongo ine. Abakurikiranwa barahakana icaha bagirizwa. Urubanza ruzobandanya ku musi wa mbere, igenekerezo ry’icenda, mur’uku kwezi turimwo.

Hussein Radjabu agiye kumara imyaka ibiri apfunzwe. Ifatwa ryiwe ryabaye inyuma yaho akuriwe mu mabanga yo kurongora umugambwe. Hussein Radjabu yarongoye umuhari CNDD-FDD ukirwanya ubutegetsi, akurikiranwa ko yashatse gutembagaza intwaro ya Perezida Nkurunziza, mu gushinga imigwi y'abitwaje ibigwanisho. Ipfungwa ryiwe ryatumye abashingamateka mirongo ibiri na babiri bakugwa mu Namanshingamateka kuko bagumye bamushigikiye

XS
SM
MD
LG