Uko wahagera

Iyirukanwa ry'Abanyamahanga mu Burundi Riranebagurwa


Uwuserukira Tanzania mu Burundi aranegura iyirukanwa ry'abanyamahanga mu Burundi. Inyuma y'iyirukanwa ry’abanyamahanga bagirizwa ko batagira ibibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi, Francis Mudolwa, aserukira igihugu ca Tanzania mu Burundi, yaraneguye iyo ngingo abicishije ku maradiyo.

Ambasaderi Francis Mudolwa avuga ko hari ibisabwa kugira ngo umuntu abe mu gihugu kitari ic’amavukiro. Ariko rero ngo ibimaze imisi bikorerwa abanyamahanga baba mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ngo biratyoza agateka k'abanyamahanga. Uwuserukira Tanzania mu Burundi asigura ko abanyamahanga bavukiye mu Burundi bakahavyara abana n'abuzukuru, badakwiye gufatwa nk'abanyamahanga. Iyindi nsiguro itangwa n'uwuserukira Tanzania mu Burundi, ngo n'uko abantu baba ku mbibe n'aho boba ari abarundi bagiye barafatwa nk'abanyamahanga.

Uwuserukira Tanzania mu Burundi yibutsa ko igihugu ciwe cakiriye Abarundi benshi mu gihe c'intambara. Avuga ko bamwe muribo baronkejwe ubwenegihugu, abandi nabo bakaba bakiri muri Tanzania, kandi ko atawubarya urwara. Ambassaderi Francis Mudolwa atanga akarorero ku barundi bari i Tanga aho avuka. Ariko rero aremera ko hari igihe vyashitse Abarundi bakirukanwa mu gihugu ciwe. Yisigura avuga ko Abarundi vyashikiye, n’a batorotse mu makambi y'impunzi, bakaja kuba aho amategeko atabarekurira. Francis Mudolwa ahanura Abarundi kwiyumvamwo ko ari Abanyafirika, kuko ico gihugu kigiye kwinjira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Asozera avuga ko kwirukana abanyamahanga bishobora gutosekaza imigenderanire y'Uburundi n'ibihugu bibanyi.

Urwego rw'abaporisi mu Burundi rumaze imisi ruhiga abantu batagira ibibaranga mu makaritiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura. Benshi mu bafatwa ni abanyamahanga, kandi baca barungikwa mu bihugu baturukamwo. Mu Burundi, amategeko aha ubwenegihugu abanyamahanga ntatomoye neza. Muri rusangi, abafise uburyo nibo babuhabwa, kuko uwusaba kuba umurundi atanga amafaranga ava ku muriyoni kurenga.
XS
SM
MD
LG